Urwego CNC ruvuga ko amaradiyo BBC na VOA atatezuriwe kubera yongeye gukora ayandi makosa

Umukuru w’urwego rujejwe gucungera ibimenyeshaakuru mu Burundi Nestor BANKUMUKUNZI avuga ko integuro yo gutezurira iradiyo y’Abongereza BBC hamwe n’ijwi ry’Amerika VOA yari yaheze gutunganywa kugira ishirwe mu ngiro ariko ayo maradiyo uko ari abiri yose yaciye yongera gukora ayandi makosa bituma iyo ngingo ibangirwa.

Ivyo yabishikirije kuruno wa gatanu igenekerezorya 15 Ntwarante 2019 mu kiganiro abavugizi b’inzego z’igihugu bahaye abamenyeshamakuru aho yavuze ko urwego arongoye CNC rutari kwihutira gutezurira ayo maradiyo naho vyari bisa n’ivyaheze mu gihe aguma akora ayandi makosa.

Nestor BANKUMUKUNZI yavuze ko ijwi ry’Amerika VOA yagumye ikoresha umumenyeshakuru akwirikiranwa n’ubutungane bw’Uburundi mu bijanye no kugira uruhara mw’itembagaza ry’ubutegetsi mu mwaka wa 2015,iradiyo BBC nayo yaciye yerekana ireresi y’ikinyoma ijanye n’abantu bishwe n’inzego z’umutekano mu Kinindo ndetse berekana n’amaraso ajanye navyo ariko aseseka mu muvo kandi vyari irementanya.

Uwo arongoye CNC avuga ko vyari kuba ngombwa ko hafatwa ibindi bihano mu gishingo co gushira mu ngiro integuzo yo kuzitezurira bimaze kwibonekeza ko hari amakosa yongeye gukorwa


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!