Umushikiranganji Déo Guide RUREMA asaba kw’igiterwa c’ivoka cotezwa imbere

Umushikirangaji w’ibidukikije,uburimyi n’ubworozi Déo Guide RUREMA amenyeshako igisata c’igiterwa c’ivoka gikwiye gutezwa imbere kuko gifise akamaro kanini mu bijanye no gufungura neza ku banyagihugu hamwe no gukingira ibidukikije.

Ivyo yabishikirije mu nama yahuje ubushikiranganji butandukanye kuruno wa kabiri igenekerezo rya 26 Ntwarante 2019 ijanye no kurabira hamwe uko hotezwa imbere uburimyi bujanye n’ibiterwa vy’ivyamwa.

Buramatari w’intara ya Gitega Venant MANIRAMBONA yavuze ko abanyagihugu bamaze kwijukira uburimyi bujanye n’igiterwa c’ivoka kandi bamaze gushinga ikoperative gushika ubu ikaba imaze gutera ibiti bishika ibihumbi 2 vy’amavoka.

Umushikiranganji Deo Guide RUREMA yavuze ko reta y’Uburundi iza yarahisemwo gushira imbere igiterwa c’ivoka kuko kiri mubifasha guteza imbere amagara y’abanyagihugu kubijanye no gufungura neza.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!