Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yahaye umubonano uwuserukira Turquie mu Burundi

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yahaye umubonano kuruno wakane igenekerezo rya 28 Ntwarante 2019 uwuserukira igihugu ca Turquie mu Burundi Serap Ataay bimwe muvyo baganiye akaba ari ibijanye n’ubutunzi hamwe n’ivy’indero.

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yavuze ko imigenderanire hagati y’Uburundi na Turquie isanzwe ari myiza na cane cane mu bijanye n’ubutunzi hamwe n’indero ariko ubu igiye kwiyongera kubera hagiye kubakwa ubuserukizi bw’ico gihugu mu Burundi.

Pascal NYABENDA yavuze ko hasanzwe hari abanyeshure b’abarundi bahawe akaryo ko kuja kwiga murico gihugu kandi hasanzwe hariho ibidandazwa vy’igihugu ca Turquie bihurumbiwe kandi bikundwa cane mu Burundi.

Uwuserukira igihugu ca Turquie mu Burundi Serap Ataay yavuze ko ubuserukizi bw’igihugu aserukira bagiye gushinga ubuserukizi bw’igihugu ciwe mu Burundi aho buzotuma imigenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu ciwe bitera imbere kandi bikazozana akunguko kaboneka.

Serap Ataay yavuze kandi gushinga ubuserukizi mu Burundi bizotuma barushirizaho gutsimbataza imigenderanire isanzwe iriho hagati y’ivyo bihugu bibiri.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!