Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yahaye umubonano umukuru w’inama nshingamateka y’igihugu ca Misiri

Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yahaye umubonano kuruno wa gatandatu igenekerezo rya 30 Ntwarante 2019,umukuru w’inama nshingamateka y’igihugu ca Misiri Ali Abdel Aal Sayed bimwe muvyo bavuganye akaba ari ibijanye n’imigenderanire mu bisata bitandukanye hagati y’izo nama nshingamateka zibiri.

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal NYABENDA yavuze ko ashima urugendo uwo mukuru w’inama nshingamateka ya Misiri yakoze mu Burundi kuko vyerekana ugushaka kudasanzwe rwo gukomeza imigenderanire hagati y’Uburundi n’igihugu ca Misiri.

Pascal NYABENDA yasavye uwo mukuru w’inama nshingamateka ya Misiri gufasha kugira igihugu ciwe gishigikire Uburundi mu gutorera umuti ikibazo co gutahukana abasirikare b’Abarundi bari mu gikorwa co kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Somariya.

Pascal NYABENDA yavuze ko igikorwa co kugabanya abasirikare bari mu gikorwa co kugarukana amahoro muri Somariya categerezwa gukorwa kuri buri gihugu gifise intego muri Somariya ariko bitakozwe nkuko vyari vyarumvikanywe.

Umukuru w’inama nshingamateka w’igihugu ca Misiri Ali Abdel Aal Sayed yavuze ko bazokora ibishoboka kugira basubize agateka abasirikare b’Aburundi kandi ko mu kwezi kuza hagiye kubaho inama izohuza abashikiranganji b’ibihugu bifise abasirikare bari kugarukana amahoro muri AMISOM kugira ico kibazo gitorerwe inyishu nziza.

Uwo arongoye inama nshingamateka y’igihugu ca Misiri yavuze ko bagiye kuzotanga ubumenyi ku bashingamateka n’abakenguzamateka b’Uburundi hamwe n’abakozi bo murizo nama nshingamateka na nkenguzamateka vy’Uburundi kugira ubumenyi bwabo bwisununure.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!