Umugambwe RANAC uvuga ko umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya akarenganyo arakaryo ko gushigikira ivyo bikorwa

Umugambwe RANAC umenyeshako umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya akarenganyo ari akaryo ko gushigikira ivyo bikorwa bijanye no kugwanya akarenganyo kugira abantu bashobore kuba mw’isi izira akarenganyo.

Mu kiganiro umuvugizi w’uwo mugambwe yahaye abamenyeshamakuru kuruno wa kane igenekerezo rya 21 Ntwarante 2019,Georges NIKIZA avuga ko mu gihugu c’Uburundi amahoro yagiye arahungabanywa muri kahise bitumwe n’ibikorwa vyo kwigiza inyuma abandi mu nzego bica bituma haba umutekano muke ,ubukene hamwe no kudatera imbere.

Georges NIKIZA avuga ko mu gihugu c’Uburundi hariho akarusho kubijanye no kugwanya akarenganyo ariko bihora bishika rimwe rimwe bikibonekeza.

Uwo avugira umugambwe RANAC asaba reta y’Uburundi gushira mu ngiro amasezerano mpuzamakungu arwanya ibijanye n’akarenganyo ,gukoresha ibikoresho igihugu gifise mu gukinga ivyo bikorwa ,imirwi nayo ibijejwe igakora igikorwa ijejwe.

Umusi mpuzamakungu wahariwe kugwanya akarenganyo wemejwe n’ishirahamwe mpuzamakungu kw’igenekerezo rya 21 Ntwarante 1966 inyuma yaho mu mwaka w’i 1960 abantu 69 bari mu myiyerekano biyamiriza amategeko ya karyanishamiryango hamwe n’ikarata karangamuntu yariko ubwoko i Sharpeville mu gihugu ca Afrika y’Epfo,bishwe barashwe n’igiporisi.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!