Sudani : Omar al-Bashir yakuwe k’ubutegetsi n’igisirikare

Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu gihugu ca Sudani Ahmed Awad Ibn Ouf yatangaje ko yakuye k’ubutegetsi umukuru w’igihugu Omar Al Bashir yongera arafatwa acashirwa ahantu acungerewe.

Mw’itangazo uwo mushikiranganji wo kwivuna abansi wa Sudani yacishije ku mboneshakure y’igihugu yavuze ko ubu hagiye kubaho reta izomara igihe c’imyaka ibiri inyuma yaho hace hatunganywa amatora.

Ayo makuru avuga kandi ko Ahmed Awad Ibn Ouf yavuze ko hagiye kubaho igihe c’ibihe bidasanzwe c’amezi atatu,ibwirizwa nshingiro rihagaritswe, imbibe z’igihugu zifunzwe kugeza hatanzwe irindi sangazo kandi ko n’ikirere c’ico gihugu gifunzwe mu kirigo c’amasaha 24.

Imyiyerekano yo gusaba Omar al-Bashir gukinjura k’ubutegetsi yatanguye mu mpera z’umwaka uheze wa 2018 bitumwa n’iduga ry’ibiciro vy’ibidandazwa bimwe bimwe bisanzwe bikenerwa n’abanyagihugu benshi murico gihugu.

Omar al-Bashir afise imyaka 75 y’amavuka akaba yaramaze imyaka hafi 30 k’ubutegetsi bw’igihugu ca Sudani kuva mu mwaka w’i 1989 aho yashitse k’ubutegetsi ahiritse Reta yariho ico gihe.

.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • Birababaje
    2019-04-19 06:46:32

    Intwaro mwenizo twarazisereye na cane cane aha iwacu i BURUNDI.uwo mu président niyihangane kandi akomeze asenge Imana izomwishurira