Primus Ligue : Imirwi yatsindanye gute mu ndwi ya 29 y’ihiganwa ?

Umurwi usanzwe uza kw’isonga wa Aigle Noir uguma uvyifatamwo neza mu gikombe citiriwe ikinyobwa Primus Ligue aho ku ndwi igira ya 29 uwo murwi watsinze umurwi wa Musongati FC ibitsindo 2 kuri .aho waciye ukwiza amanota 65.

Kuriyo ndwi nyene ya 29 w’ihiganwa rya Primus Ligue,umurwi wa Messager Bujumbura watsinzwe n’umurwi wa Olympique Star ibitsindo 4 kuri 2,umurwi wa Vital’O FC nawo utsinda umurwi wa Flambeau du centre igitsindo kimwe mu gihe umurwi wa Rukinzo FC watsinzwe n’umurwi LLBS4A igitsindo 1.

Muriyo ndwi nyene,umurwi wa Bujumbura City watsinzwe ibitsindo 3 n’umurwi wa Atletico Olympique,Kayanza United unganya na Flambeau du Centre igitsindo kimwe ku kindi,umurwi wa Messager Ngozi utsinda ibitsindo 3 k’ubusa umurwi wa Ngozi City naho umurwi wa Bumamuru FC utsinda igitsindo 1 umurwi wa Les Lierres.

Inyuma y’iyo ndwi ya 29,umurwi wa Aigle Noir uguma kw’isonga n’amanota 65,Vitalo FC uza mu kibanza ca kabiri n’amanota 52 mu bibanza vya 3 nica 4 hakaza imirwi ya Musongati Fc hamwe n’umurwi wa Messager Ngozi naho mu bibanza 2 vya nyuma arivyo vya 15 na 16 haza imirwi ya Flambeau de l’Est hamwe n’umurwi wa Messager Bujumbura.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!