Martin NIVYABANDI :« Umukenyezi afise uruhara ntangere mw’iterambere ry’ikibondo »

Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu,imibano n’iterambere ridakumira Martin NIVYABANDI amenyeshako umukenyezi afise uruhara ntasubirizwa mu kurera ,gutanga indero hamwe no mw’iterambere ry’abana kuko kenshi aribo bama bari hafi yabo.

Ivyo yabishikirije mu nama yatunganijwe n’ubushikiranganji arongoye kuruyu wa kane igenekerezo rya 28 Ntwarante 2019 ijanye no guhanahana ivyiyumviro k’uruhara rw’umukenyezi mu nzira yo kugwanya ukutitaho abana.

Martin NIVYABANDI yavuze ati :« Abakenyezi bafise uruhara ntangere mu kurera abana kuko umwana yigana imyifato y’umuvyeyi wiwe ariwe nyinarugo kandi ku mugabane wa Afrika abakenyezi nibo bama bari hafi y’ibibondo vyabo ugereranije n’abagabo. »

Urwo ruganda rwatunganijwe kubijanye no kurabira hamwe uruhara rw’umukenyezi mw’iterambere ry’ikibondo rufise intumbero yo kugabanya uguhohotera abana bishikira abana bashika imiriyoni 6 n’ibice 3 kugira gushika mu mwaka wa 2021 ukutitaho abana bizobe vyagabanutse.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!