Intamba z’abatarenza imyaka 23 zasezeye ihiganwa ryo kurondera itike rya CANU23

Umurwi nserukiragihugu w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 wasezeye ihiganwa ryo kurondera itike ryo kuja mu gikombe ca Afrika uwu mwaka wa 2019 c’abatarenza imyaka 23 inyuma yo kuruno wa kabiri utsinzwe n’umurwi nserukiragihugu wa Congo Brazzaville ibitsindo 2 kuri 1 c’intamba.

Mururwo rukino rwabereye ku murwa mukuru Brazzaville w’igihugu ca Congo, Uburundi nibwo bwatanguye kuronka igitsindo ku munota wa 21 mu gice ca mbere c’urukino,igihugu ca Congo kija kukigombora mu mpera z’igice ca kabiri ndetse congera kironka penariti ariyo yaciye igihe intsinzi y’igitsindo ca 2.

Mu gihe mu rukino rwa mbere rwabereye i Bujumbura igihugu c’Uburundi hamwe na Congo vyaronse inota rimwe rimwe inyuma yo kunganya ubusa k’ubundi,urukino rw’uno musi rwahaye itsinzi igihugu ca Congo co kubandanya inyuma yo kuronka amanota 3 k’ubusa bw’Uburundi.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!