Inama ihuza aberwa no kugwiza umwimbu mu gihugu yatunganijwe

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta bwatunganije inama ihuza abantu begwa n’igisata co kugwiza umwimbu mu gihugu mu bayitavye hakaba harimwo abashikiranganji bakukira ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE mw’ijambo ryo kugurura iyo nama yamenyesheje ko kubona iyo nama yitabwe na bamwe mu bagize reta y’igihugu vyerekana ko intumbero reta yihaye kubijanye no kugwiza umwimbu hamwe no gutunganya ibiharuro ku rwego rw’igihugu bizokwitabwaho bishirwe mu ngiro.

Joseph BUTORE yavuze ko iyo nama yatunganijwe ije kubera inyishu icipfuzo ca Reta kijanye no gufata ibiharuro bitororokanije nk’ikimenyetso cisungwa kugira hafatwe ingingo kubijanye no guteza imbere igihugu ku nzego zose.

Muriyo nama umushikiranganji w’ikigega ca Reta Domitien NDIHOKUBWAYO yavuze ko mu gice ca mbere c’umwaka wa 2018 ushira umwaka wa 2019 ibikorwa bitandukanye ku rwego rw’uburongozi,mu bijanye no kwegeranya amakori n’amatagisi vyashitse ku bice 52 kw’ijana kandi ko amasezeranoyo gufashanya ashika 9 yateweko umukono.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!