Ikirangamisi c’inkino z’igice ca kane gishira icanyuma c’igikombe c’umukuru w’igihugu camenyeshejwe

Inkino zose z’igice ca kane gishira icanyuma mw’ihiganwa ry’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu zitegekanijwe gukinwa ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2019 zose zikazoba kw’isaha imwe y’icenda z’umutaga.

Urukino ruzohuza umurwi wa Rukinzo FC hamwe n’umurwi wa Kayanza United rutegekanijwe kuzobera ku kibuga Urumuri co mu ntara ya Ruyigi mu gihe uruzohuza umurwi wa Aigle Noir hamwe n’umurwi wa LLBS4 rutegekanijwe kuzobera ku kibuga Umuco co mu ntara ya Muyinga.

Ico kirangamisi cerekana ko urukino ruzohuza Interstar hamwe n’umurwi wa Messager Ngozi ruzobera ku kibuga Ingoma co mu ntara ya Gitega naho urukino ruzohuza umurwi wa Ngozi City hamwe na Musongati FC rukazobera ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!