Ikigo API cemeza ko iterambere rica mu gisata c’abikorera utwabo

Ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API kimenyeshako iterambere ry’igihugu mu vy’ubutunzi rica mu gisata c’abikorera utwabo kandi ko kazoza k’igihugu gahagaze ku rwaruka.

Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’ikigo API Léonard SENTORE mu ruganda rwatunganijwe rujanye no kwigisha urwaruka kubijanye no kwiyungunganya hamwe no kwironderera akazi mu ntumbero yo kwiteza imbere.

Mu rurwo ruganda,Léonard SENTORE arongoye API yavuze ko izo nyigisho bariko baratanga ku rwaruka zifise akamaro kanini kuko zizofasha urwaruka rusanzwe rufise imigambi yo kwiyungunganya rumenya ibitari bike imbere yo gukoresha uburyo bwabo canke imbere yo kuja kubusaba mu mabanki atandukanye.

Léonard SENTORE avuga ko izo nyigisho batanze zizofasha kugabanya ingorane y’ibura ry’akazi ku rwaruka rufise impamyabushobozi rusanzwe rushoboye kwishingira imigambi y’iterambere.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!