Igiporisi c’Uburundi cafashe umuntu afise ibiyayuramutwe

Umumtu yitwa Janvier Désiré Ndisabiye yarafashwe n’igiporisi c’Uburundi kw’igenekerezo rya 7 ukwezi kwa kane uwu mwaka wa 2019 afatanywe ibiyayurmutwe vyo mu bwoko bwa Cocaine ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no kugwanya ibiza Pierre NKURIKIYE avuga ko uwo yafatanywe ivyo biyayuramutwe yafatiwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura, afise ibiro bishika indwi vy’ibiyayuramutwe vyo mu bwoko bwa Cocaine.

Uwo avugira ubwo bushikiranganji avuga kandi ko uwo Janvier Désiré Ndisabiye avuka muri karitiye ya kabiri yo muri zone Ngagara mu gisagara ca Bujumbura kandi asanzwe afise ubwenegihugu bwo mu gihugu c’Ububirigi.

Pierre NKURIKIYE aheraheza avuga ko ubu uwo Janvier Désiré Ndisabiye agiye gushikirizwa ubutungane.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • Manariyo Issa
    2019-04-16 13:38:46

    uyomuntu vyasaba bamukatire umunyororowoguherayo !