Coupe du president : Uko imirwi izohura mu gice ca kabiri gishira icanyuma vyashizwe ahabona

Umurwi w’igiporisi wa Rukinzo FC ugiye kuzohura n’umurwi wa Ngozi City mu gice ca kabiri gishira icanyuma mu gikombe citiriwe umukuru w’igihugu inyuma yaho iyo mirwi ironse intsinzi yo kuja murico gice.

Bitegekanijwe ko umurwi abenshi bataha amahirwe wa Inter Star nawo uzohura n’umurwi wa Aigle Noir w’i Makamba murundi rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma murico gikombe.

Umurwi wa Inter Star watangaje abantu benshi kubona ushika kuriyo ntambwe mu gihe udahabwa amahirwe na gato kandi ukaba warusanzwe uri mu cicaro ca kabiri.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!