CAF yaciye ihadabu ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB

Ishirahamwe rijejwe umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF ryaciye ihadabu ry’amadorare ibihumbi 10 ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB kubera ritubahirije amategeko ya CAF k’urukino rwahuje Uburundi n’igihugu ca Gabon.

Mu rwandiko umunyamabanga mukuru wa CAF Amry Fahmy yandikiye umunyamabanga mukuru wa FFB Jeremie MANIRAKIZA ,ruvuga ko imboneshakure RTNB yerekanye urwo rukino biciye kuri satellite mu buhinga bwa Star time hamwe n’amasanamu ya Canal+INTL itahawe uruhusha n’ishirahamwe CAF.

Uwo munyamabanga mukuru wa CAF avuga ko kubera ivyo vyakozwe FFB iciye ihadabu y’ibihumbi 10 vy’amadorare y’abanyamerika.

Amr Fahmy asaba ishirahamwe FFB kuzokubahiriza izindi nkino zizokwirikira kugira ntihagire ibindi bihano bizokurikira.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!