Algerie : Uwari umukuru w’inama nkenguzamateka yagenywe gusubirira Abdelaziz Bouteflika

Abdelkader Bensalah yahora ari umukuru w’inama nkenguzamateka y’igihugu ca Algerie niwe yagenywe n’inama nshingamateka kugira asubirire Abdelaziz Bouteflika yahora ari umukuru w’igihugu haciye ikiringo c’indwi atanze imihoho murayo mabanga.

Bivugwako naho Abdelkader Bensalah yagenywe kuja murayo mabanga adakunzwe n’abantu bari bamaze bari mu myiyerekano basaba ko Abdelaziz Bouteflika akinjura kuko bavuga ko uwo yagenywe asanzwe yegereye cane uwahoze ari umukuru w’igihugu.

Bivugwako inyuma y’iminota mike hatangajwe uwusubiriye Abdelaziz Bouteflika mu mabanga,abakoze imyiyerekano baciye basubira kwiha amabarabara basaba ko urwego rwose intwaro yuwahoze atwara ico gihugu rukinjura mu bikorwa.

Bitegekanijwe ko Abdelkader Bensalah azotwara ico gihugu gushika hatunganijwe amatora mashasha y’umukuru w’igihugu.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!