Abanyeshure bicapako “tatouage” bagiye guhanwa

Ubushikiranganji bujejwe indero hamwe n’inyigisho z’imyuga bumenyeshako umunyeshure yihindura urukoba biciye mu kwisiga canke mu bundi buryo bihanwa hamanje guhamagarwa umuvyeyi kandi ikibabaje aruko hari ibindi vyadutse vyo kwicapako ibintu bitandukanye vyitwa”tatouage”.

Mw’itangazo inomero Ref/620/CAB/014/2019 , umushikiranganji w’indero hamwe n’inyigisho z’imyuga yateyeko umukono ,Janviere NDIRAHISHA avuga ko amategeko agenga indero ku mashure ariho kugira yubahirize umutekano hamwe no kubahiriza indero runtu mu mashure.

Iryo tangazo rivuga ko abavyeyi n’abarezi uruhara rwabo mu vy’indero ari ukwitwararika cane indero nziza y’urwaruka arico gituma umunyeshure azofatwa yarenze kurizo mpanuro mu kwicapako ibintu bitandukanye ata kibanza bafise mu mashure yose yaba ya reta canke aya bigenga mu Burundi.


Ivyiyumviro

Ivyiyumviro

  • zabulon gikashi
    2019-04-10 13:16:57

    Ivyo nivyo kirazira kwifata nkuwukuze kandi ugikirumunyeshure